Buja Fm

T-Max mu mugambi wo gutahuka mu gihugu ciwe c’amavukiro

Umuririmvyi w’umurundi T max iyari mu gihugu c’ububirigi araremesha abakunzi biwe n’abarundi muri rusangi ko agiye gutahuka mu gihugu ciwe c’amavukiro nyuma yo kumara imyaka igera kuri ine ari mu mahanga,

T max akemerera¬† abakunzi b’umuziki w’uburundi ko agiye kuzana n;indirimbo nshasha vuba harimwo indirimbo yakoranye n’umuririmvyi akomeye cane wo mu gihugu ca tanzaniya ariwe Ney Wa Mitego,

Abajijwe n’abamenyeshamakuru,Tmax akaba yamenyesheje ko ubu asa nuwibagiranwe mu gihugu ciwe c’amavukiro arivyo bigiye kumutuma atahuka kugira yereke abakunzi b’umuziki ko ataho yagiye ahubwo ubu afise inguvu nyinshi kuko yashoboye kwiga mu mahanaga ibintu bitari bike bizomufasha,bigafasha n’abariririmvyi bagenzi we ba hano mu gihugu c’uburundi

 

Twobamenyesha ko T-Max ari umuririmvyi yamenyekanye ku ndirimbo nyinshi harimwo;Ndabaramutsa,chem chem n’izindi nyindi

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *