Buja Fm

Ikena ry’amazutu mu gisagara ca Bujumbura

Iminsi itari mike irarangiye higaragaza ikena ry’amazutu mugisagara ca Bujumbura hamwe no muntara zimwe zimwe zo hagati mugihugu,ku ma Station atandukanye, haragaragara umugundano w’imiduga n’abantu bivanye n’iryo kena ry’Amazutu kuva igenekerezo rya 30 Munyonyo.

Kubw’abanyagigihugu biyunguruza n’ingendeshwa zikoresha ayo mazut,bavuga ko ingaruka ziryo kena zimaze gutangura kwigaragaza,aho usanga mu ma komine atandukanye yigisagara ca Bujumbura,ukwiyunguruza bitariko biroroha bivanye nuko izo ngendeshwa(Bus) zitariko ziraboneka kuko zibari gutondera ayo mazutu,eka n’amahinguriro amwe amwe kavugako akazi gasa naka hagaze kuko basanzwe bakoresha ayo mazutu mu mirimo yabo.

Ariko ntaho biri uko,abasanzwe badandaza ayo mazutu bamenyesha ko atari ukubura,ahubwo ari ingorane zabereye mwitunganwya ry’itangwa ry’ayo mazutu kandi ko vuba iyo ngorana igiye gutorerwa umuti.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *