Buja Fm

Impamvu yatumye umurwi Mirror Team udasohora indirimbo nshasha

Mirror Team ni umwe mu mirwi y’abaririmvyi baririmba neza bagashika kunyota abakunzi b’umuziki mu Burundi,ariko aheze igihe kitari gito batumvikana eka nbadasohora n’indirimbo nshasha. 

Mu makuru twashoboye kuronka ni uko uyo murwi woba utakiri hamwe nkuko twari tubimenyereye,bikanuganugwa yuko uyo murwi umaze gusambuka kumpamvu zitara garagara neza. ivyo bikaba vyabaye inyuma yokugaragaza ubushobozi budasanzwe bwogukora neza cane mu muziki ndundi aho babigaragarije mu ndirimbo nka Ndoroshe , Nyengenga, Ngumizayo  hamwe n’izindi nyinshi.

Mirror Team ikaba yari igizwe n’abasore bagera kuri bane 4 kandi bose bashoboye,mbe n’iki coba c’inyegeje inyuma y’iryo sambuka? Muri abo bose uno musi hagaragara umusore Aimé Loveness wenyene ko ariwe akibandanya aho amaze gusohora indirimbo zigera kuri zibiri ari wenyene: Umfashe neza hamwe na Amezing grace zose zakorewe muri Master-Music aho binugwa nugwa yuko uyo musore wenyen mub agize uyo murwi ariwe akiri muri Label.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *