Buja Fm

Menya vyinshi ku nkuru nshasha Sat-B yashikirije kuri Buja Fm

Sat-B ni umuririmvyi amaze kugaragariza urukundo rudasanzwe n’icubahiro abakunzi biwe, eka akaba ari n’umuririmvyi w’umurundi amaze kwerekana ko ari hafi y’abakunzi biwe (Fans). Ivyo bikagaragararira k’ukungene ata mugambi afata atagishije inama abakunzi biwe canke ngo amenyeshe abakunzi biwe biciye munzira zitandukanye. 

Ico Sat-B aherutse kumenyesha abakunzi 

Nyuma y’amezi atari make ari mu gacerere,umuririmvyi Sat-B aherutse kumenyesha abarundi biciye ku samirizi Buja-fm isamiranira Ibujumbura ko agiye gusohora indrimbo nshasha ikazo kwitwa “Karabarya”,iyo ndirimbo ikaba ije mugihe uno muririmvyi ari mu mwiteguro w’igiteramo azohuriramwo na mugenzi we wo mu gihugu kibanyi c’urwanda Meddy mu giteramo kizobera ibujumbura igenekerezo rya 29 kigarama.

ivyo bigatuma bamwe mu bakurikiranira hafi umuziki ndundi,impamvu hagiye gusohoka iyo ndrimbo karabarya mu gihe bari baherutse kumnyeshwa nuyo mu ririmvyi ko agomba gusohora indirimbo nshasha na Meddy. kumakuru dukesha abmwegereye bakatumenyesha ko,indrimbo karabarya igiye gusohoka ku mvo zo kuryohera abakunzi biwe nkuko yama abikora mu kurindira ko iyo yindi arikumwe na Meddy ija ahabona.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *