Buja Fm

Ni gute abarundi biteze igiteramo ca Meddy ibujumbura

Nyuma y’imyaka itari mike aririmba,ni igiteramo ciwe ca mbere azoba akoze mu gisagara ca Bujumbura,aho bigaragara ko akunzwe cane kandi n’indirimbo ziwe z’akirwa neza n’abarundi,naho abarundi bakunda cane indirimbo z’abarundi benewabo,Meddy ni umwe mu banyamahanga bake bakunzwe mu Burundi. 

Impamvu yo gukundwa kwa Meddy mu Burundi

Impamvu nyamukuru yo gukundwa kwa Meddy mu Burundi hambavu yo ku ririmba neza no gutamba neza, yoba ari uko ari umusore yakuriye ibujumbura akiga amáshure yiwe mato kw’ishure ritoya rya ”Independente”akagira n’incuti hamwe n’abagenzi muburundi,ivyo bigaherekezwa nuko  anaririmba neza bigashika kunyota abakunzi b’umuziki, abarundi,bagaheza bakamwakira nk’incuti yabo.

Abarundi bamwiteze gute ?

Naho abarundi batari biteze kuriha amahera angana n’ibihumbi mirongo itatu (30.000fbu)ahasanzwe hamwe n’ibihumbi mirongo itanu(50.000fbu) mu kibanza c’iteka,biragaragara ko barindiranye igishika cinshi uyo muzo wa Meddy,inyuma y’imyaka bamwumva kumasamirizi no kumbonesha kure ni akaryo keza ko kumubona imbona nkubone mu giteramo hano ibujumbura.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *