Buja Fm

Menya vyinshi kubijanye n’itegurwa rya Kids christmas uyu mwaka (2018)

Umurwi ujejwe itegurwa ry’umusi mukuru woguhimbaza noel  wagenewe abana,uherutse kumenyesha ko ivyo birori bizoba kandi muri uno mwaka nkuko umaze imyaka ibiri ubikora. uwu ukaba ari umwaka wa gatatu ubiteguye,bakamenyasha ko, habaye inagurwa ridasanzwe mwitunganywa ry’ivyo birori.

Nkuko dukesha amakuru twahawe n’umupfasoni Signoline NIBONA arongoye uyo murwi akaba n’uwatanguje uwo mugamba wa Kids chritsmas,amenyesha ko ivyo biro bizoba kuma genekerezo abiri atandukanye (23-25)kandi mu ntara zitandukanye  (Bujumbura-Gitega) aho abana bakiri batara kwiza imyaka cumi n’umunani bamaze kugaragaza imapano zitandukanye(Ukuririmba,utegenegene) bazokwifadikana n’abandi bana mukubateramisha no mu kuryosha ibirori. Abaririmvyi bakiri bato nka Kirikou-Akili,Madiba tha classic hamwe na Moses Brown hamwe nabakuru bao nka Natacha hamwe Vichou Peace and love  nibo bazoteramisha abantu muri ico kirori.

Ukwinjira ikazoba amafaranga angana n’ibihumbi bibiri kumwana umwe n’ibihumbi bitanu kubana babiri bikazobera ibujumbura kuri Lacosta Beach hamwe n’igitega kuri cercle d’alliance .

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *