Buja Fm

Hari abana b’amahasa baherutse kuvuka ibujumbura babuze uwo baserukako

Hari kw’igenekerezo rya 12 Kigarama/2018 ku bitaro vy’umuganwa Rudoviko Rwagasore icumba ca 17,aho havutse amahasa abiri. Ariko bivanye n’ingorone z’uburyo umuvyeyi wabo adafise,amaze kubona ko y’ibarutse amahasa yaciye yifuza kw’iyahura naho bitakunze. 

Ubu ivyo bibondo bikaba bikiri muri ivyo bitaro,bikaba bitararonka ningene vyonsa bivanye nuko umuvyeyi wabo yaciye ajanwa kuvurwa. uko gushaka kwiyahura kw’uyo mukenyezi,kukaba kwavuye k’umu ncace wiwe yamutaye,nawe akaba atishoboye. Ubu muri kano kanya abo bana bakaba bariko bafashwa n’ishirahamwe ry’urwaruka Nasham-Africa. BAkaba basaba uwo wese yoba afise umutima wogufasha ivyo bibondo ko yo kwegera ivyo bitaro kugira bashobore kugira ico bakoze kuri ivyo bibondo.

Muri kino gihe umuvyeyi wabo,akaba asa n’uwataye ubwenge akaba ariko avurirwa muri (reanimation) y’ivyo bitaro vy’umuganwa Rudoviko Rwagasore.

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *