Buja Fm

Igiteramo “Atamunyamahanga birashoboka” citabwe n’abarundi isinzi

Cari igiteramo ca mbere kibaye atamunyamahanga arimwo kandi kikabera mu kibanza ca mbere caguse,cakira n’abarimvyi b’abanyamahanga mu gisagara ca bujumbura. 

Ni kuri Lacosta Beach,aho abaririmvyi hamwe n’abandi bahanzi batandukanye b’ibujumbura bari bahuriye kuri ico kibanza ku mvo yo guteramisha abarundi bonyene kandio bakuzuza ico kibanza. intumbero ikaba yagezweko kuko ico kibanza,ejo aheze (16/kigarama/2018) abaririmvyi nka ;Lolilo,Umurwi peace and Love,B-face,Dr claude hamwe n’abandi benshi tutibagiye n’abakinyi nka Kigingi hamwe na Kireko.

Nkuko vyagaragaye igiteramo gikoye kirashoboka cane mu Burundi atamunyamahanga agarageyemwo. Ico giteramo kikaba cari muntumbero yo kwumvisha abanyamitahe n’amahinguriro kwijukira gushira uburyo mu baririmvyi babo kugira nabo bashobora kunagura umwuga wabo hamwe n’ubuzima bwabo. kuko imyaka iraheze,abaririmvyi ndundi basaba ayo mashirahamwe gushira amafaranga mu muziki ndundi,bashatse rero kugaragaza neza ko bishoboka cane.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *