Buja Fm

Basket Ball: Inkino za nyuma z’igikombe c’Umukuru w’igihugu mu gisagara ca Gitega.

 

Ku ncuro igira kabiri, igikombe c’umukuru w’igihugu, mu rukino rwa Basket Ball, kigiye gusozerwa ku murwa mukuru w’ intara ya Gitega mu mpera z’ino ndwi turimwo.

Imigwi igera kuri ine yose iva mw’ishirahamwe ry’umupira wa Basket Ball hano mu gisagara ca Bujumbura, niyo yaronse uburenganzira bw’ugukina urukino rwa nyuma haba mu bigeme canke mu basore.  Urunani BBC na Dynamo BBC mu bagabo hamwe na Berco Stars Les Gazelles mu bigeme.

Urunani BBC na Dynamo BBC  zikaba zigiye guhurira mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu, inuma y’uguhurira mu rukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe Intwaro.

Imigwi yo mu ntara zo hagati mu gihugu ikaba yagarukiye mu gice ca kabiri gishira ishira ica nyuma. Aho twovuga nka Target Intamenwa wo mu ntara ya Ngozi wakuwemwo na Dynamo BBC.

Tubibutse ko mu mwaka uheze Gymkana mu bagabo na Berco Stars mu bigeme aribo batahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu ku ncuro yaco ya mbere mu rukino rwa Basket Ball. Uwuzotwara iki gikombe akazoshobora guserukira igihugu mu nkino z’akarere ka gatanu ku migwi iserukira ibihugu.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *