Buja Fm

Ijambo ”Nzobikora” risigura iki kuri Masterland?

Umuririmvyi Masterland amaze iminsi akoresha ijambo “nzobikora” mu biganiro bitandukanye eka no ku rubuga rwiwe ngurukana-ubumenyi rwiwe. Aho bamwe batanguye kwibaza ko yoba agomba gukora ubukwe canke yoba ari muyindi migambi. 

ku amakuru aherutse kutumenyesha,ni uko iryo jambo rijanye n’indirimbo shasha ari mumyiteguro yo gushira kumugaragaro vuba,uyo muririmvyi yamenyesheje ko iyo ndirimbo izoba iri kurweko rwo hejuru cane,kuko ata mu ririmvyi n’umwe wa hano mu Burundi arakora amasanamu y’amashusho nkayo azoboneka muri iyo ndirimbo. Akamenyesha ko ari indirimbo yamutwaye uburyo bwinshi cane bw’amafaranga kuko yakorewe mu bihugu bitatu bitandukanye vyo mu kano karere k’ibiyaga bigari.  Tumubajije ko atoba ari ukwiyemera canke ugufata nabi abandi baririmvyi bagenzi we,Masterland yamenyeshejeko ukuri ari ukuvurwa kandi akeza kigura, “Nimba nishize hejuru Imana imbarire ariko ukuri n’ukwovugwa”.Iyo ndririmbo ikaba iriko itegurwa amasanamu n’umuhinyanyuzi w’amasanamu John Elarts asanzwe akorera muri Bantu Bwoy, nawe nyene amaze iminsi agaragaza ubushobozi budasanzwe mu gukora amasanamu hano mu Burundi.

Abakunzi b’umuziki ndundi rero nkuko badasiba kubigaragaza,borindirana igishika ncishi iyo ndirimbo y’agakura nkuko nkuko Masterland yavyivugiye,hama bazoheze bemeze koko ko ari nyayo canke bazomubeshuze.

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *