Buja Fm

Ibinyegezwa biri mw’isohoka ry’agasakisaki ry’indirimbo za Sat-B

Muri rino joro ryakeye,umuririmvyi Sat-B yaraye ashikiwe nico twokwita ko ari ikibazo gifatiye k’ukutumvikana hamwe n’umukoresha wiwe (Manager ),aho bose bompi bagaragaje ukutumvikana gushingiye kuma faranga yo koreshwa mu gutunganya no gutegura indirimbo zishasha z’umuririmvyi Sat-B. 

Indirimbo zaraye zisohose muri rino joro ryaraye rikeye ryo kw’igenekerezo rya 19 kigarama,ni zibri,imwe yari imaze iminsi ivurwa ikaba yitwa “Karabarya” hamwe n’iyindi “So good”. Bikaba bizwi ko Sat-B yari yakubitiye mu Gihugu kibanyi c’ubuganda gukorerayo amasanamu y’imwe muri izo ndirimbo. Kubw’uwurongoye itunganwa ry’ibikorwa vya Sat-B,amenyesha ko ukutumvikana kwoba guhakaze kw’ikoreshwa ribi ry’amafaranga uyo muririmvyi sat-B aronka canke ahabwa. Nkuko vyashikirijwe n’imwe mw’isamirizi isamiranira ibujumbura,ivyo vyoba arivyo vyatumye uwujejwe itunganwa ry’ibikorwa vyuwo muririmvyi atangura gushora indirimbo ”Fire” ayishira ku rubuga rwa Youtube.

Ariko kubwa Sat-B iyo,ivyo vyoba ari ibinyoma ahubwo umuyobozi yoba afise ibindi bibazo abakunzi b’umuziki bataramenya. Sat-B akimenya ko indirimbo So good yagiye kurubuga ngurukana ubumenyi,yaciye yikora ku kigo kirongoye Youtube,kugira bamutunganirize kugikorwa ciwe mva bwenge cabaye nk’icibwe,nabo baraheza baramwumvira.

 

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *