Buja Fm

Basket Ball: Berco Stars yaraye itahukanye igikombe c’Umukuru w’igihugu ku ncuro ya kabiri.

Imigwi ya Berco Stars mu bigeme na Dynamo BBC mu basore niyo yaraye itahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu kigira kabiri mu rukino rwa Basket Ball.

Kuri uno wa gatandatu twaraye turangije, ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega niho haraye harangiye inkino za nyuma z’igikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket Ball.  Berco Stars ikaba yatsinze Les Gazelles ku manota 51 kuri 36 nayo Dynamo BBC watsinze Urunani BBC ku manota 47 kuri 39.

Ibirori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu, ari nawe yashikirije ibiombe ku migwi yose yatwaye ibikombe hame n’udushimwe dutandukanye ku bakinyi bigenjeje neza kkuruta abandi muri iryo higanwa. Abandi bashimiwe akaba ari amashirahamwe yagize ico aterera kugira ngo izo nkino zigende neza.

Izo nkino zikaba zitunganijwe  ku mwaka ugira kabiri ku bufatanye bw’ishirahamwe rya Basket Ball mu Burundi, ibiro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’ishirahamwe ry’urwaruka The Raising Generation.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *