Buja Fm

Umutekano w’ibiteramo mu Burundi w’ifashe gute?

Imyaka ibiri iraheze mu Gisagara ca Bujumbura hakunzwe gutegurirwayo ibiteramo bikoma komeye vy’abaririmvyi b’abarundi ubwabo hamwe n’abarimvyi b’abanyamahanga mu ntumbero yo guhimbaza iminsi mikuru itandukanye. kandi ivyo biteramwo bigaragaza uko abarundi bakunze umuziki no kuryoherwa. 

Umutekano mu Biteramo vy’ibujumbura ni kimwe mu biranga ubwiza bw’ivyo biteramo vyose,kuko uhereye kuri Sauti-Sol baje bava mu gihugu ca Kenya kugeza kuri Yvan-Buravan wo mu Rwanda,bose ibiteramwo vyabo vyaranzwe n’isinzi ry’Abantu hamwe n’umutekano wagaragara ku m’umunezero abo bantu baba bafise bariko bararorera ivyo biteramo.

Kiretse utubazo tushingiye kw’itegurwa ntabindi bibazo vy’umutekano biragaragara mu giteramo c’ibujumbura canke mu bindi bisagara bigize uburundi. ivyo biri uko mu gihe hatanguye kuvurwa yuko umutekano w’abaririmvyi bazoza bavuye mu gihugu kibanyi c’urwanda utameze mu gihe atanumwaka urahera hari abagenze babo bo mu bihugu bibanyi baheruka hano kandi batashe baguwe neza.

tukaba duhaye karibu abaririmvyi bose bashaka kuza mu Burundi. kaze mu Burundi turyoherwe.

 

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *