Buja Fm

Impamvu yatumye ibiteramo bigera kuri bitatu bisiba mu Burundi

Uyu mwaka wa 2018 ni umwaka abarundi isinzi bari biteze kuwurangiza  neza biciye mu biteramo bitandukanye vyari biteguwe mu gisagara ca Bujumbura. Aho twovuga ibitaramwo bigera kuri bitatu vyategerezwa kuba, ariko bitakibaye,ivyo navyo ni: Silent Disco,Meddy Concert (2). 

Ku amakuru dukesha abegereye abategura ivyo biteramo,bamenyesha ko bataramenya impamvu nyamukuru yatumye ivyo biteramo bisiba,ariko kuruhande rwa Silent disco,yoba ari ikibazo c’ivyuma bikoreshwa muri ico giteramo bitabonetse kuko uwari kubishikana ibujumbura atabaye akihashika ku mpamvu bataramenya.(Ivyo bamwe bakavuga ko ari uguhisha ukuri).

Ku uruhande rwa Meddy Concert,wewe yarafise ibiteramo bibiri,amenyasha ko atashoboye gushika mu gisagara ca Bujumbura kumpavu z’umutekano wiwe woba wohungabana hamwe ashise mu Burundi. Ivyo bamwe nabo bakibaza impamvu uyo mu ririmvyi Meddy agize ayo amakenga,mugihe mugenzi wiwe Yvan Buravan yaheruka hano mu giteramo ciswe :#Buja Lol.

kuruhande rw’abategura ivyo biteramo mu Burundi ,bamenyesha ko ivyo bitabaciye intege kuko ari ingorane umuntu wese yogira mu kazi kiwe kaminsi yose. kuri bo bararemesha abakunzi b’umuziki mu Burundi,bo bitabira ivyo biteramo kwitegurira ibindi biteramo vyiza cane mu mwaka uza.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *