Buja Fm

Ivya Sat-B n’uwahoze ahagarikiye ibikorwa vyiwe ntibigiye kworoha

Imisi itari mike ira rangiye,amabanga umuririmvyi Sat-B yarafitaniye n’uwahoze arongoye ibikorwa vyiwe ariwe Wanda-Boy Z Hero agiye kumugaragaro,aho amajwi yacanacanyeko kumbuga ngurukana ubumenyi y’ingene abo babiri bariko barategura ibikorwa bagiye gukorana. 

Ariko,ivyo bikorwa birangiye bidashizwe mu ngiro ahubwo habaye ugucanamwo hagati yabo bantu babiri bari bivuye kwikoreshwa ribi ry’amafaranga nkuko twabibabwiye mu nkuru yacu iheruka. Ubu rero umu ririmvyi Sat-B,akaba yagirije uwo Wanda-Boy ko yivye ibikorwa vyiwe mva bwenga,akaba aheruka kumenyesha ko yamwitwariye kugira amushumbushe kubikorwa vyiwe nka : Girl Friend yakoranye n’umutanzaniya Dully-saks,hamwe nibindi vyinsi uyo muririmvyi yagiriza Wanda-Boy ko yasohoye bitamuciyeko.

Ivyo biri uko mugihe Wanda-Boy nawe yishuza uyu muririmvyi imirioni zigera kuri cumi z’amafaranga y’amarundi. Akaba ayamwishuza binshingiye kumafaranga uyu muririmvyi yakoreshaje avuga ko agiye gusohora indirimbo mumahanga ariko bitabaye uko bavuganye.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *