Buja Fm

Primus Ligue: Inkino z’umunsi wa 20 ntizereye migwi mikuru mikuru.

 

Ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 26 Kigarama inkino zaraye zibaye ku ndwi igira 20 mw’ihiganwa rya Primus Ligue. Imigwi mikurumikuru ikaba itorohewe.

Nk’uko abakunzi b’inkino basazwe bamenyereye ko inkino zikinwa bukeye haraye havuyemwo Noel, biba mu gihugu c’Ubwongereza (Boxing Day), na hano i Burundi, abakunzi b’inkino ntibatanzwe kuryohera ijisho mu kuraba inkino zibereye.

Imigwi yose iri mu migwi itanu ya mbere gushika ku mugwi wa gatandatu, kiretse Ngozi City nta numwe wigeze utsinda. Irabire hano uko inkino zose zagenze urabe n’ibibanza iyo migwi isanzwemwo.

Aigle Noir 1- Kayanza United

Ngozi City 2-0 Vital’o FC

Flambeau du Centre 1- 0 Buja City

Rukinzo 4-1 Musongati FC

Olympique Star 2-0 LLB

Athletico Olympique 1-1 Les Lierres

Messager Bujumbura 2-1 BUMAMURU FC

Flambeau de l’Est 0-0 Messager Ngozi.

Imigwi nka Aigle Noir, Musongati FC, Vital’o FC, Buja City iri mu migwi itandatu ya mbere ikaba yaratsinzwe yose kiretse Ngozi City watsinze ubona kuja mu kibanza ca gatatu.

Aigle Noir iracari iya mbere, n’amanota 48 ikurikirwa na Musongati ifise 39, nayo Messager Bujumbura na Athletico Olympique zikaba zihereza urutonde rw’uko imigwi ihagaze gushika ku ndwi ya 20.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *