Buja Fm

Arakaza Mac Arthur yerekereje muri Lusaka Dynamos FC muri Zambia.

 

Umukinyi w’umurundi akaba n’umunyegoli mu mugwi nserukiragihugu, Arakaza Mac Arthur yaraye asinye amasezerano mu mugwi wa Lusaka Dynamos FC wo mu gihugu ca Zambia. 

Inyuma y’ikiringo c’indwi zigera kuri zitatu ari mu gihugu ca Zambia, aho yariko avugana n’imigwi yamwifuza igera kuri ibiri, yahavuye ashimishwa n’amasezerano yahawe na Lusaka Dynamos, mu kiringo c’imyaka igera kuri ibiri.

Mu kiringo kingana n’imyaka itatu gusa avuye hano mu Burundi, Arakaza Mac Arthur akaba agomwe  mw’ihiganwa rigira gatatu, inyuma y’uguca mu gihugu c’Ubuganda muri Vila Sports Club, mu gihugu ca Kenya aho yaramaze umwaka n’igice muri Kakamega Homeboyz.

Uno mugwi wa Lusaka Dynamos watanguye kubaho mu mwaka w’1979, umaze gutahukana igikombe ca Zambian Challenge Cup mu mwaka wa 2008. Ukinira ku kibuga ca National Heroes Stadium kiri mu gisagara ca Lusaka.

Ihiganwa ryo mu gihugu ca Zambia rero, gushika kuri uyu munsi kikaba cungutse uyundi mukinyi w’umurundi, inyuma y’abandi basore bagera kuri bane basanzwe bari muri ico gihugu, aho twovuga nka: Ntibahezwa Dieudonne ( Zesco United), Enock Nsabumukama ( Zesco United0, Laudit Mavugo( NAPSA Stars) hamwe na Mizero Don Parfait ( Kabwe Warriors).

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *