Buja Fm

Menya impamvu indirimbo Nzobikora ya Masterland itara ja kuri Youtube

Nyuma y’indwi umuririmvyi Masterland amenyesheje ko agiye gushira kumugaragaro indrimbo yiwe nshasha yavuze ko ikozwe mu buhinga buhanise cane,uno musi kw’igenekerezo rya kabiri(2)Nzero iyo ndirimbo ntirashibwa kuri Account yiwe ya Youtube naho yamaze kuy’imenyekanisha. 

Nkuko twashoboye kuronka ubutumwa buvuye kuri Masterland ubwiwe,yavuze ati:

Mwaramutse, Ndasaba imbabazi kuba mwaratevye kuronka ino ndirimbo irindiriwe ya #Nzobikora, s’uko tutashaka kuyibaronsa, kuko twayikoreye mwebwe, ahubwo n’uko:
1) Twahaye agaciro imyitwarariko mwarimwo yo kuruhuka no kuryoherwana n’incuti n’imiryango mw’iyi misi mikuru duhitiyemwo irangiza umwaka.
2)Imisi mikuru natwe ubwacu twabafashijemwo mu biteramo twarimwo mu ntara zitandukanye.
3)Twashatse ko iyo ndirimbo yoronka licence/copyright y’uwu mwaka twamaze kugeramwo wa ©2019.
Kurubwo wabaye umwanzuro watugoye gufata ariko biba ngombwa ko twobaha iyo ndirimbo benshi muri mwebwe mwarangije I bijanye no guhimbaza iyo misi mikuru isozera Umwaka, mutekanye..

Gurtyo mutegure utu unités, kuri uyu wa kane, isaha zitandatu muzoba Mushobora kuyironka atacamira.Murakoze

Nkuko bigaragara muri buno butumwa Uno  muririmvyi yahaye abakunzi b’umuziki ndundi,ayahe agaciro abakurikirana ibikorwavyiwe muri iyi minsi mikuru hamwe.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *