Buja Fm

Akes-Don asigura impavu umwigeme Najma amwagiriza Ideni

Umwigeme yitwa Irankunda NajMa  asanzwe aba muri  Coweit, niwe yagiriza umurirmvyi Akes-Don ko yoba amuheraniye amafaranga angana n’ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000fbu). 

Kubw’umuririmvyi Akes-Don,avuga ko uyo mwigeme ayo mafaranga yayamuhaye ariko atayamuhaye nk’ideni,ahubwo ya yamuhaye asheka ko baja mu rukundo. Akes Don akaba yakiriye ayo mafaranga nkuko umuntu uwari we wese yokwakira amafaranga ahawe n’umugenzi. Ameze kubona ko uyo mwigeme ashaka urukundo niho guca aca aramwankira,niho uyo mwigeme yaciye amwagiriza ko ideni.

Akes Don rero akaba ariko aricuza cane kubona yara menyanye nuyo mwigeme yafata nk’umugenzi uno musi akaba ariwe agomba kumwononera izina. akavuga kandi ko ayo mafaranga ari make cane,ata Vidéo yokora ngo ayiheze nkuko biriko biravugwa.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *