Buja Fm

Impamvu Ami-Baso ataheruka guseruka m’Umuziki

Inyuma yo gukorera mu ntara ya Gitega imyaka irenga itanu,aho yakoranye n’abaririmvyi batari bake yashoboye kuramura uno musi bakaba nabo bakorera hano mu Gisagara ca Bujumbura,yaciye akubitira mumahanga kurahura ubwenge,ubu akaba ari hano ibujumbura nahonyene akaba yaje gushira ku mu garagaro ibikorwa yakoreye mu amahanga.  

Ami Baso,akaba ari umuririmvyi n’umuhinyanyuzi muri Swagger-records,isanzwe ari inzu arongoye yo gohinyanyura umuziki. Uyu umusore ubu akaba eherutse gushira k’umugaragaro indirimbo yiwe yise Fake-Friends aho yakorewe amasanamu n’inzu yoku yahinyanyura Treibeka Music Group(TMG) isanzwe ikireramwo umuhinyanyuzi Mfuranzima Cherif akaba ari nawe yakoze ayo masanamu y’iyo ndrimbo.

Umugambi wa Ami Baso nkuko yabitwibwiriye ni uko umuziki w’uburundi ugera kurwego mpuz’amakungu nkuko abagenze biwe bamaze gutangura kubikora abasaba kubandanirizako ntibacike intege,nakare ngo “Ntawurya akatamugoye”,ngo agiye kwongereza inguvu nyishi mu bikorwa vyiwe kugira uyo umugambi uranguke.

Mwomenya kandi ko inyuma yo gukora indirimbo ino ndirimbo Fake-Friends,Ami-Baso agiye gukora iyindi aho asanzwe aba muri Cote-d’ivoire (Abidjan).

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *