Buja Fm

Menya ingene wotora umuririmvyikazi Natacha mw’ihiganwa Hipipo Award

Natacha Ngendabanka ari mw’ihiganwa ryo mu gihugu kibanyi c’ubuganda ryitwa #HipipoAward ritegurwa n’ishirahamwe Hipipo Limited risanzwe rikorera  aho nyene m’ubuganda. 

iryo higanwa rikaba ryatanguye kuva mu mwaka wa 2012,rikaba rimaze kujamwo aba ririmvyi nka Sheebah,Charly na Nina, Alikiba,Diamond,Bebe Cool,Radio And Weasel hamwe n’abandi benshi. Iryo higanwa rikaba rifasha abaririmvyi kumenyekanisha ibikorwa vyabo muri Afrika hose,hamwe no mu amahanga yakure. Kubona Natacha ari muri iryo higanwa ni ivyakamaro kanini cane rero vyo tuma umuziki ndundi ugera kure gusumba nkuko biriko biraharanirwa na benshi muri kino gihe.

Natacha akaba ari mu m’umurwi wa “Fans Favorite Fresh Talent” aho ari kumwe n’abaririmvyi nka :Joyce Blessing (Ghana) King Monada (South Africa) Mankind (Kenya) Mbosso (Tanzania) Shekhinah (South Africa) hamwe na Yovi (Nigeria),muri kino gihe rero Natacha akaba ashaka ubufasha bw’abakunzi b’umuziki w’uburundi mu ku mutora ku bwinshi kugira ashobora gutahukana ikibanza ca mbere muri uyo  murwi.

Kugira umutore ufyonda hano,hama ugaca uraba ahandise izina rya Natacha ugaheza ukaha fyonda ugaca uraba ahandise “Vote” naho uka ha fyonda. aho uzoba utoye umuririmvyi Natacha.

Ibirori vyo kurangiza iryo higanwa rikazobera muri Kampala kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2018 mw’ihoteli Selena .

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *