Buja Fm

Indirimbo nshasha ya MB Data yoba izosohokana amasanamu?

MB data ni umuririmvyi ata mwaka aramara amenyekanye mu muziki w’uburundi,ariko akaba ariko avyifatamwo neza cane,eka benshi bakurikiranira hafi umuziki w’uburundi bakaba batangazwa n’uyo musore w’imyaka mirongo ibiri n’itanu amaze gushira kumugaragaro indirimbo zitarenga zitatu ariko akaba amaze gukundwa mu ntara zose zigize uburundi. 

Ivyo vyagaragariye mu mpera z’umwaka wa bibiri na cumu n’umunani,aho ragize ibiteramo mu ntara zigera kuri zine zo mu Burundi kandi zose akaba yaritabiriwe n’abantu isinzi. Izo ntara zikaba ari (Ngozi,Gitega,Bubanza hamwe no mu Gisagara ca Bujumbura). Ubu Abakunzi b’umuziki w’uburundi bakaba bariko bibaza ko uyu musore yashizwe ahabona n’umuhinyanyuzi Amiri Mugisha akorera muri (MA production) agiye kubandanya uko nyene muri uno mwaka wa bibiri na cumi n’icenda.

Ikiriko kiragaragara ni uko uyo musore aticaye kuko amaze kumnyesha ko hagiye gusohoka iyindi ndirimbo nshasha yahinyanyuwe na Amiri Mugisha nyene,iyo ndirimbo ikaba yitwa “RUMATA” ,tukaba dusigaje kumenya yuko nayo iziza idafise amasanamu nkuko izindi zasohose. Ariko ivyo bikaduha kwibaza impamvu atosohora indirimbo ifise amasanamu,mugihe umwaka warangiye neza kuri we mukwitabirwa n’abantu isinzi mu biteramo vyose yakoze twavuze aho hejuru.

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *