Buja Fm

Tsindira ibihumbi amajana atatu mukwifata (Video) uriko uratamba “Nzobikora”

Mu ntembero yo guteza imbere umuziki eka n’urwaruka rukunda umuziki,inzu yo guhinyanyura umuziki Master-Music irikumwe n’ishirahamwa Ashibu mu kinyobwa cabo Fungus bateguye ihiganwa ryo gutamba ryitiriwe indirimbo iheruka gusohoka ariyo #Nzobikora Masterland.

Iryo higanwa rikaba rihamagarirwa urwaruka rwose rwo mu ntara zose zigize igihugu c’uburundi kury’itaba mukwifata amasanamu (Vidéo) bariko baratamba indirimbo Nzobikora ya Masterland,bagaheza barugika ayo masanamu kuri numero ya whatsapp 61 08 08 59kugeza kw’igenekereze rya 20 nzero. Aho abajejwe itunganwa ry’iryo higanwa bazoca bashira kurubuga rwa Facebook rw’umururmvyi Masterland.

Abazoba batanvye neza bazoheza bahamarwarwe ibujumbura,aho hazobera ihiganwa rya nyuma. Batatu bambere bakazo habwa ibahasha rihera kumafaranga ibihumbi amajana atatu kugeza ku ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi. Ihiganwa rikazobera muri zone ya Bwiza kuri Fungus Bar kw’igenekerezo rya 27 Nzero .Abo bazoba bamanutse ibujumbura bakazohabwa uburaro n’ugufungura n’abajejwe gutunganwa iryo higanwa.

Abashaka guhiganwa bakaba basabwa gukora ibi bikurikira:

-Kwifata amasanamu(Video)bariko baratamba indirimbo nzobikora ya Masterland.

-Kurungika ayo masanamu (Video )ku nimero ya Whatsapp: 61 08 08 59

-Guhimiriza Abantu gutora ayo ma sanamu yawe

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *