Buja Fm

Eric Nsengiyumva asigura ingene Boost yo tuzwa mu Burundi kuri Buja-Fm

Mu ikiganiro #Birahawe co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero, ca shikirishwe na Branly Nzihindura ku ibijanye n’ibiyayuramutwe vyo mu ubwoko bwa Boost bavugako ko ari umusigazwa wa Cocaïne,umwe mu bajejwe gurikiranira hafi urwo rwaruka rusinzikajwe n’ico kiyayura mutwe Eric-Nsengiyumva,yatanze umuco k’ukugene urwo rwaruka rwofashwa. 

Mugihe abantu benshi bazi ko Boost ari ikiyayuramutwe ruhebwa mu Burundi,Eric Nsengiyumva yatanze umuco ku migambi iriko irarangurwa kugira uburyo bwo kuyituza buboneke b’ifadikanije na Reta y’uburundi. mukiganiro yamenyesheje ko hari imiti ishobora guheza ugushaka ico kiyayura mutwe,canke no kuyiheba burundu.

Iyo miti ikaba ari Methadone hamwe na Naloxone,ariko ikibazo bagifise    ni uko iyo miti itaremererwa kwinjira hano mu Burundi,bakaba bari mu biyago nabajejwe ico gisata mu ubushikirangaji bw’amagara y’abantu,kugira barabe ingene iyo miti ishobora kwinjizwa mu gihugu kugira abantu basinzikaye bashobore kuvurwa . Mugihe iyo miti itaraboneka,ishirahmwe “Burundi Association of people who used drugs” BAPUD mu mfunyafunyo,ryegera urworwaruka aho rusanzwe runwera ivyo biyayuramutwe kugira bashibore kurufusha.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *