Buja Fm

Big Fizzo k’urutonde rw’abamaze imyaka cumi m’umuziki

Mugihe aharawe ico bise #TenYearsChalenge mu buzima butandukanye bw’abantu hano ibujumbura,twashimye kugaruka ku abaririmvyi bamze imyaka cumi igera kuri cumi m’umuziki kandi nubu bakirimwo. Mbe muri iyo myaka cumi hiyongeye iki hagabanutse iki kuri abo baririmvyi? 

Abaririmvyi bamaze imyaka cumi mu umuziki nubu bakiriko n’ico bamaze:

1.Big-Fizzo 2.R flow 3.Happy famba  4.Channy queen

5.Lolilo  6.Rallye joe  7.Bangy8.Jay fire 9.Emery sun
10.Sat

Aba baririmvyi bose bari m’umuziki imbere yo mu 2009,kandi gushika nubu baracariko,uravye iterambere ryabo,bamwe vyaragiye bira bagora baraheza baragabanya ingumvu mu kazi kabo,abandi barabandanije nubu baraca menyekanisha uburundi mu makungu.

Ikibazo abakunzi b’umuziki wo mu burundi bibaza inyuma yiyo myaka bamaze ni ico boba bashiseko mu kwiteza imbere canke canke mu kunagura umwuga wabo. Twegereye bamwe muri abo baririmvyi,bavugako mu myaka cumi iheze,umuzi w’uburundi warateye imbere kurugero rubashimisha bafatiye kw’iterambere rihari ubu mubanyamuziki rishingiye ku uburyo bwoguhinyanyura busigaye buhari.

kuruhande rw’ubuzima bwabo ba minsi yose,bamwe baratanguye kurangura imigambi yo kubandanya iteza imbere umuziki w’uburundi,aho twovuga nka Mugani Desiré (Big Fizzo) yashinze inzu y’uguhinyanyura umuziki Bantu Bwoy mu gisagara ca Bujumbura.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *