Buja Fm

Akabirya kazoba kari mugiteramo Valentine Concert ca Natacha

Inyuma yo guhabwa isanamu iriko imodoka yo mu bwoko bwa Porsh n’umutambukanyi wiwe basabzwe babana akaba ari na nyene ihoteri Club du Lac Tanganyika ku musi mukuru w’amavuka yiwe,Natacha yateguye igiteramo c’abakundana kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma kuri Treibeka Hill Top Ten. 

Kikazoba ari igiteramo ciwe ca mbere aremesheje mu mwaka wa 2019,n’aba nka Mario hamwe na NC,mwomenya ko Dj Mario asanzwe ariwe akora n’uno mwamikazi wa kino gihe w’umuziki w’uburundi. Natacha akaba amaze imyaka igera kuri itatu akunzwe cane n’abakunzi b’umuziki ndundi bivanye n’uko abaryohereza mu biteramo eka no mu indirimbo ziwe asanga zikunzwe cane n’abantu bose.

igitangeje kuri uno mwigeme,ni ingene atangaza abakunzi biwe eka n’abakurikirana ivy’umuziki ndundi muri susangi,mugukora amasanamu abakangura kugira bagume bamwiyumvamwo. Ivyo bigatuma yitabirwa cane mu biteramo vya hano ibujumbura no mu ntara zitandukanye zikgize uburundi.

Ntankeka rero ko Natacha kuri iryo genekerezo azokwitabwa n’abantu isinzi nacane ko azoba ari ku umusi w’abakundana usanzwe uhimbazwa cane mu Burundi. Buja Fm imwifurije imigisha kuri ico giteramo ciwe.

Related Articles