Buja Fm

Sat-B yoba ariko arashira mu ngiro indoto ziwe nkuko yabishatse?

Indirimbo ihejeje gusohoka kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero yitwa “My only one” y’umuririmvyi asanzwe akorera mugihugu ca reta z’unze ubumwe z’amerika Mt-Number-One arikumwe na Sat-B yoba ari indirimbo yambere hasohowe amafaranfa menshi kugira Sat-B aririmbe.

Ku amakuru dukesha abegereye abaririmvyi Sat-B hamwe na Mt-number One,uno muririmvyi Mt,yoba yaratanze amafaranga angana n’imiriyoni zigera kuri zitanu z’amarundi kugira bakorane indrimbo na Sat-b. Impamvu ubwo buryo bwoba bwaratanzwe,ni kubera umurirmvyi Sat-B akore nkuwikorera eka abishiremwo n’ingoga nkuko amakuru dukesha abegereye abo baririmvyi bo mpi.

Naho biri uko,ntihabuze amategeko umurirmvyi Mt-Number One yashase ko akurikizwa n’ayo mafaranga yatanze,icambere n’uko ayo mafaranga yategerezwa kuvamwo uburyo bwo gukora amasanamu yiyo ndirimbo. Ariko Sat-B yahiriwe ahishije kuko uwusanzwe afashatanije nawe uburongozi bwa Empire-Avenue ari we Kent-P asanzwe akora amasanamu y’indrimbo nyinshi za Sat-B akaba anasanzwe afise ivyuma vyogukora amasanamu.

Ubwo buryo bwatanzwe baciye babukoresha neza eka buraheza bunabagirira akamaro mu migambo yabo ikurikira,kuko ubwo buryo bungana n’amamiriyoni atanu y’amafaranga y’amarundi. Ayo akaba atari make kugira abashoboze kunagura ibikorwa vya Empire Avenue na kare ko bisanzwe bivurwa ko hakibuze vyinsi kugira iyo nzu yabo yo guhinyanyura ishobore guhangana n’ayandi ma zu asanzwe akorera hano mu igisagrara ca Bujumbura.

 

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *