Buja Fm

Sat-B & Natacha : Intango y’ubumwe hagati y’abarirmvyi

yari kuri uno wamungu kw’igenekerezo rya 27 nzero  mu igiteramo #KarabaryaConcert categuwe na Sat-B,aho hamande y’abantu isinzi bari bacitavye,Sat-B yaratewe iteka na mugenzi we basanzwe basangiye umwuga ariwe Natacha inyuma y’igihe kitari gito hanugwa nugwa yuko hoba hari icuka kitari ciza hagati y’abaririmvyi mu Burundi.

Vyabaye ivy’imboneka rimwe mubaririmvyi bakino gihe bitwa ko b’amamaye,aho umwe aseruka mu giteramo ca mugenzi we atari ku rutonde rw’abazoririmba,akanarirmba bagaheza bagafatana n’ifoto bazokumburirako ico gihe ciza. Ivyo bikaba vyashoboye kwongereza urukundo rw’abakunzi babo baririmvyi bompi,kuko bagaragaje ko ivyo bakora kumbuga ngurukanabumenyi ataho bihuriye n’ubucuti buri hagati yabo vy’ukuri. Ubwo bumwe bashoboye kugaragaza,bwarashimishije abatari bake kuko biraheza bigaha intumbero umuziki. Abari aho vyarabaguye neza naho bamwe batashimishijwe n’ijambo Natacha yashikirije avuka yuko we na Sat-B aribo abaririmvyi bakomeye mu Burundi eka aranamuhereza amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu (500.000fbu).

kuri ico giteramo nyene,haribonekeje n’abandi baririmvyi b’imvukira zaho muri zone ya kanyosha nka Emery-Sun hamwe na Fabilove,aho Emery-Sun yaciye afata ako kanya ara menyesha ko umwaka wa 2019 uzoba umwaka w’ibikorwa kuko ata muririmvyi w’uburundi azomuruta gukora. Mwomenya ko na Sat-B asanzwe ari imvukira yaho nyene muri zone ya kanyosha.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *