Buja Fm

Indagara zabonetse kubwinshi mu ntara ya Rumonge

Ni kuri uno wakabiri kw’igenekerezo rya 29/nzero niho haboneka amasanamu ku mbuga ngurukana ubumenyi yerekana amafi yo mu bwoko bw’indagara zanze kurunsenge ari nyinshi. Twagerageje kwegera abanyagihugu bo muri iyo ntara baravyemeza ko indagara zasubiye kuboneka. 

Inyuma yigehe kitarai gito amafi yo muri ubwo bwoko butaboneka,abo banyagihugu baravyishimiye cane,eka n’abarovyi bo muri iyo ntara ya Rumonge baramenyesha ko bavyishimiye kuko ubukene bwari bubagejeje habi,ubu bagiye kuronka akoyokwe.  “Naho zabonetse kubwinshi abanyarumonge barakunda indagara bazozigura kubwinshi” uyo ni umwe muri abo barovyi batuyagiye. 

Eka n’Ibujumbura baza bashikiriwe kuko kuma soko nka Cotebu nahandi,aho twaciye indagra zari nyishi kandi kugiciro ciza,aho ikiro cavuye kubihumbi mirongo ibiri na bibi kica kubihumbi cumi na cumi n’umunani .

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *