Buja Fm

Baby John ati: Ab’ubu biragoye kuvuga uwozoshika kure

Jean-Marie NAHIMANA azwi nka Baby John,ni umuririmvyi w”umurundi ageze mubukukuruke ariko kandi indirimbo ziwe zikaba ari intibagiranwa bivanye n’ubuhinga zikozwemwo. Aho twovuga indirimbo nka ”Ku giti c’urukundo,n’izindi nyinshi.   

Baby John n’umuririmvyi ari mu runganwe rumwe na Canjo Hamissi  baka na sangira  amamuko mu ntara ya Ngozi,aho mbere biganye kw’ishure rya Don Bosco, Ari naho ubumenyi bw’ukuvuza igitari bwakomereye cane kuribo mpi.

Baby John uno musi abarizwa mu bufaransa aho anafise uruvyaro, ngo sibo bonyene yahezagijwe n’Imana, kuko naha iwacu ahafise abandi 2.

Uwo mwanditsi w’indirimbo z’ikirundi zitari nke, yabwiye Jimbere Magazine ko amaze kuba mu bihugu bitari bike birimwo Mozambique na Nepal. Imvo n’imvano y’ugufata izo ngendo, ngo n’ukugira abashe kumenya izindi mpande z’isi, naho vyahereye ku gushaka kumenya Africa.

Baby John uno musi abarizwa hano iwacu, ategekanya gukora igiteramo kuri uyu wa 24/9 ku ngoro ndangamico y’abafaransa (IFB).

Uwo muhumure w’imyaka 64 y’amavuko, akaba yavuze ko Canco Hamissi Ariwe muririmvyi w’ibihe vyose, nayo abubu ngo biragoye kuvuga uwuzoshika kure.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaje hano iwacu mu gihe hariko hategurwa isabukuru ryitiriwe Burundi Bwacu (Burundi Bwacu Festival).

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *