Buja Fm

Francine Niyonsaba ahejeje kwenurira abandi muri Prefontaine Classic

Inyuma yo kutaronka amahirwe yo kwitwara neza muri Jeux Olympiques Tokyo 2020, umunonotsikazi Francine Niyonsaba ahejeje kwenurira abandi mu gufata ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Prefontaine – Classic ryariko ribere muri America.

Francine Niyonsaba akaba yandikishije amateka kuko yabaye uwa kabiri yirutse mu mwanya muto mu mateka y’isi kuva iryo higanwa ryo kwiruka mu kirere kingana na 3.218,68 ritanguye nkuko bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri America .

Niyonsaba Francine akaba yashoboye gukoresha umwanya ungana na 9:00.75.

Mwomenye y’uko yashoboye gutsinda abakinyi babiri aribo Latesenbet Gidey na Hellen Obiri bafise imidari y’inzahabu ya Jeux olympiques Tokyo 2021.

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *