Buja Fm

Saidi Ntibazonkiza yasezerewe muri Yanga

Inyuma y’amakuru yaguma acanacanako mu mbuga nkurukana bumenyi zitandukanye zivuga y’uko Saidi Ntibazonkiza yasezerewe muri Yanga ukuri kwahavuye kumenyekana.

Mu kiyago gito indundi Sports yakoranye na Antonio Nugaz asanzwe ari umuvugizi wa Yanga Africans yabeshuje ivyo bihuha biriko birakwiragizwa mu gihugu ca Tanzania.

Nugaz akaba yavuze y’uko gushika muri kano kanya Saidi Ntibazonkiza akiri umukinyi wa Yang Africans kuko agisigaranye amasezerano y’umwaka umwe.

Mwomenya y’uko Fiston Abdoulrazaq wewe amaze kurangiza amasezerano muri uwo mugwi bikavurwa y’uko ashobora kwerekeza ahandi .

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *