Buja Fm

Francine NIYONSABA yashitse i Bujumbura

Ni mu gatondo ko kuri uyu wa wagatatu igenekerezo rya 22 Nyakanga niho umunonotsi Francine NIYONSABA yashika mu gihugu ciwe c’amavuko,inyuma yogutahukana itsinzi mumahiganwa atandukanye aho yatahukanye mbere itsinzi atawundi munonotsi w’umzigeme yari bwaronke(Record mondial) . 

Umunezero n’impundu nivyo yakiranwe ku kibuga c’itiriwe Melchior NDADAYE i bujumbura,aho mbere n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yahishikiye kumwiyakirira we nyene. iryo rikaba ari iteka ata wundi murundi yari bwaterwe haba mu banonotsi canke mubanyamuziki.

Francine yamenyesheje ko aryohewe cane n’urukundo igihugu kimugararije kandi atazohengashanye kugira ico ashoboye kugira akomeze gutera agateka igihugu camwibarutse. Agahamarira abandi b’igeme gukomeza kurondera ingene boshitsa indoto zabo kuko ntakidashoboka mugihe ufise ishaka n”urukundo.

Francine NIYONSABA akaba yatahukanye itsinzimu kwiruka imetero 2000 muminota 5 n’ama segonda 24.

 

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *