Buja Fm

Ico Kirikou Akili avuga ku mwana yagirizwa

Inyuma y’igihe kitari gito havurwa umwana umuririmvyi kirikou Akili yoba ayavyaye mu mpisho,uyo muririmvyi yagize ico abivugako. Kirikou akaba avuga ko ari  abazana ibinyoma biteze kumucafuza, n’ukumwankisha abantu, ngo nibacire birarura. Ivyo nibishikirizwa na Kirikou Akili ubwiwe mu kiganiro yagiranye n’abagenzi bacu b’ikinyamakuru indundi Magazine.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko abavuga ko yoba afise umwana, ngo sivyo, ariko ngo nubwo vyoba arivyo nta caha kirimwo kuko n’abatari abiwe canke babe bafise ico bapfana arabakunda.

Yagize Ati : ” ivyo bintu sivyo, Kandi nubwo vyoba arivyo ntabwo ari icaha. n’abantu benshi babikora mu ntumbero ngira yo kuncafuza, muga nibaza ko bariko barihenda, umwana ntabwo ari icaha.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko uwo mugore bamwagiriza yoba yarateye iyo nda atanamuzi.

Ivyo bikaba vyavuzwe mu gihe uwo muririmvyi yaheruka mu bibazo bitamworoheye vyari bijanye n’ukwiyubaka naho abo muri Bantu Bwoy bavuga ko yari Buzz kuko bari bafise ibikorwa bashaka kwerekana.

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *