Buja Fm

Kirikou Akili atsindira ibihumbi amajana atatu mw’ihiganwa rya BETV

Best Entertainment Télévision (BETV) mu mfunyafunyo,n’ imwe mumboneshakure zikorera mu Burundi,ikaba nayo yonyene rudende ikora ihiganwa buri kwezi kygira ikeze,yongere inatere intege abaririmvyi bakora neza mu gihugu.   

Biciye mu kigiganiro TOP10,akaba ari ikiganiro  gishira mw’ihiganwa indirimbo cumi buri kwezi kugira iyiba iyabere iheze itahukane ibahasha ry’amafaranga angana n’ibihumbi amajana atatu. UKukwezi kwa cende uwatahukanye iryo bahasha akaba ari Kirikou Akili ku ndirimbo yiwe ”BIRAHARAWE”.  Ikaba yakurikiwe ni ya Aubin Lux yitwa ”AKANOTI”.

Kirikou akili akamenyesha ko ari umunezero ntangere kubona atahukanye iryo higanwa,nakere ko abamaze kuyatsindira bose ari abaririmvyi bibihangange mu Burundi,ngo ni intabmwe agaragaza ko umuziki mu burundi ari umwuga nkiyindi myuga kandi kubwy’ivyo atazohengeshanya kubandanya aryohera abakunzi,kugira ngo abashe gukomeza kuronka n’utundi dushimwe.

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *