Buja Fm

Otile Brown yashitse mu Burundi atumweko na Sat-B

Kuri uno wa mungu igenekerezo rya 19 myandagaro niho umuririmvyi Otile Brown yamuka mu gihugu ca Kenya yashika kukibuga c’indege c’itiriwe Merchior Ndadaye ca Bujumbura. Ku makuru dukesha umuririmvyi Sat B,arameza ko ko ariwe yatumyeko uyo mririmvyi mugenziwe kandi akaba yiteze kumwereka ubwiza bw”uburundi kugira azotahe ayaga neza uburundi. 

Si ivyo gusa,Sat-B na Otile Brown bariko bategure indirimbo bagiye gusohora vuba kandi kandi izoshimisha abakunzi b’ubumuziki bo mu karere kose ka East Africa. Sat B abandanye amenyesha ko kuva atanguye uno mwuga w’ubuririùvyi icipfuzo ciwe camye co guhindura ishusho y’umuziki hano mu burundi,eka n’abanyamahanga bagakunda umuziki w’iburundi. Ati rero bimwe aratanguye kubishikako kandi azobandanya kugeza ashitse ku ndoto yiwe.

Otile Brown rero,akaba ari umwe mu ba ririmvyibakunzwe murikino gihe haba mu gihugu ciwe ca Kenya canke hano mu karere,akaba yiteguriye gutanga igikorwa ciza kubarundi bimwe vy’umwihariko ariko kandi no kubakunzi biwe bose bo mukarere no mumahanga ka ya kure.

administrator

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *